N'abasaba ubuhungiro ku buntu

IDEAS ni ishirahamwe ry’abafatanyabikorwa ba UNHCR ryitaho gukingira uburenganzira bw’abarondera ubuhungiro n’impunzi no gutanga imfashanyo y’amategeko ku buntu.

Ushobora kuduhamagara igihe cose ushaka kugira ngo uronke ibindi bisobanuro ku vyerekeye uburenganzira bwo kuronka ubuhungiro canke nimba ufise ingorane yo gukoresha uburenganzira bwawe.

Fyonda aha hepfo kugira uronke ibindi bisobanuro ku bijanye n’ubuhungiro n’uburinzi muri Serbiya.

Guhabwa ubuhungiro ni uburenganzira bw’ibanze bw’ umuntu wese, bigufasha gusaba ubuhungiro mu kindi gihugu, ukakibamwo vyemewe n’amategeko, ugutangura n’ ubuzima bushasha mu gihe umutekano wawe woba ubangamiwe usubiye mu gihugu cawe.

Ibi ni bimwe mu bituma ushobora guhabwa ubuhungiro:

  • Ufise ubwoba bwo gusubira mu gihugu cawe kubera utinya guhohoterwa, gufungwa, canke kurenganywa (nko kubuzwa gukora, kwiga, kuvurwa, canke ihonyangwa ry’ agateka kazinamuntu kawe) bivuye ku  vy’iyumviro vya politike, idini, ubwoko, urukoba, inyifato ishingiye ku gitsina, kuba umwana canke umugore, canke wanse kwifatanya n’abaja mu ntambara canke abahohotera abandi. 
  • Uhunga intambara, umutekano muke utewe na politike canke amabi menshi mu gihugu cawe. 
  • Vyabaye bikenewe ko uhunga kugira mwikingire hamwe n’umuryango wawe kubera izindi ngorane zikomeye.

Kugira ngo usabe ubuhungiro muri Serubiya, utegerezwa guca mu nzira yo gusaba ubuhungiro. Muri ico gihe, abayobozi b’igihugu baraba nimba ufise uburenganzira bwo guhabwa ubuhungiro, n’ubwoko bw’ubuhungiro ushobora guhabwa. Uburyo bwo gusaba ubuhungiro bugizwe n’intambwe zitanu, kandi birakenewe ko umenya ko ushobora kuronka ubufasha bw’abahanuzi mu bijanye n’amategeko ku ntambwe yose uba ugezeko. Birakenewe ko wibuka ko utari wenyene, hariho abajejwe kugufasha.

Nimba utazi neza ko ushaka ubuhungiro muri Serubiya, ushobora kuvugana n’abahanuzi b’amategeko baka gusigurira neza uko bigenda, bakakubwira ivyo utegerezwa kumenya kugira ufate ingingo ubifiseko ubumenyi bukwiye.  Ivyo muyaga n’abahanuzi mu bijanye n’amategeko biguma mw’ibanga. Birakenewe ko ubwiza ukuri abahanuzi kugira ngo bashobore kugufasha no kuguhanura neza bihuye n’urubanza rwawe. Impanuro bazoguha zizogufasha kumenya nimba gusaba ubuhungiro muri Serubiya ari ingingo nziza kuri wewe. 

Abahanuzi mu bijanye n’amategeko bazogufasha gutanga ikete ryo gusaba ubuhungiro, hamwe no kuyaga nawe mu buryo buramvuye igituma wahunze igihugu cawe hamwe n’igituma bitoshoboka ko usubirayo.  

Urafise uburenganzira bwo gusaba ko umuhanuzi mu bijanye n’amategeko aguserukira aba ari umugabo canke umugore.

Imbere yuko uja mu nzira yo gusaba ubuhungiro, abahanuzi mu bijanye n’amategeko bazoguha insiguro zikwiye ku ntambwe yose yo mu nzira yo gusaba ubuhungiro, hamwe n’uburenganzira bwawe n’ amategeko akuranga. 

Nimba utazi neza uko bigenda kugira uje mu nzira yo gusaba ubuhungiro, abahanuzi mu bijanye n’amategeko barashobora kugufasha canke bakaguherekeza ku biro vyigi polisi kugira ngo wiyandikishije. Hagize ikibazo kiba mu gihe co kwiyandikisha ata muhanuzi murikumwe, urashobora guhamagara umuhanuzi wawe mu bijanye n’amategeko kugira ngo agufashe.

Umaze kurirungika, uronka icemezo cuko uri mu nzira yo gusaba ubuhungiro, bikwemerera kuguma muri Serubiya biciye mu mategeko kandi ufise uburenganzira bwo kuronswa serivisi zitandukanye.

Nimba wifuza guhagarikirwa uri mu nzira yo gusaba ubuhungiro, utegerezwa kuvyemeza mu gushirako umukono ku candiko giha ububasha umuhanuzi mu bijanye n’amategeko, akaba ari nawe aca aguhagarikira, akanagufasha kuri buri ntambwe yose yo mu nzira yo gusaba ubuhungiro. 

Iyo ikete ryawe ryo gusaba ubuhungiro rimaze kurungikwa ku biro vy’abaraba ibijanye no gutanga ubuhungiro, uca uhabwa igapuro cemeza ko uri mu nzira yo gusaba ubuhungiro, bikanemeza ko ufise uburenganzira bwemewe n’amategeko bwo kuguma muri Serubiya,hamwe no kuronswa serivisi nk’iz’ umunyagihugu zijanye nk’ubuvuzi, kwiga, hamwe n’uburenganzira bwo gukora nyuma y’amezi atandatu.

Muri ico gihe, bizoba ngombwa ko usigura neza imvo zatumye uhunga igihugu cawe hamwe n’igituma udashobora gusubirayo.

Abahanuzi mu bijanye n’amategeko bazokumenyesha itariki yo kwitaba abashinzwe ibijanye nivyo gutanga ubuhungiro, hama mwicarane imbere kugira ngo bagutegure ku bijanye nivyo uzobazwa ku musi wagiye kwitaba. 

Ibivugwa ku musi witavye birakomeye cane, nico gituma bagufasha kwitegura. Hazoba hari umusiguzi agusigurira mu kirimi cawe, ubona udatahura neza ivyo umusiguzi avuga canke mudatahurana, usabwe kubimenyesha vyihuse umuhanuzi wawe.

Umusi wo kw’itaba, umuhanuzi wawe azoba ahari kugira ngo agushigikire. Uzokwumvirizwa n’umukozi wo mu biro vy’abaraba ibijanye no gutanga ubuhungiro, ariko umuhanuzi wawe mu bijanye n’amategeko ashobora kukubaza ibibazo mu mpera z’ikiganiro kugira ngo bifashe uwakwumvirije gutahura neza ikibazo cawe. Birasabwe ko ushikiriza ivya kubayeko mukuri kandi neza mu gihe uriko urumvirizwa. Ivyo vyose bishobora kumara amasaha make, nico gituma wemerewe kumenyesha umuhanuzi wawe nimba ukeneye akaruhuko canke ufise ikindi kintu wifuza.

Icemezo gishobora kuba ciza, ugahabwa ubuhungiro muri Serubiya. Hama ukamenyeshwa neza intambwe zose zikurikira hamwe n’uburenganzira bwawe.

Mu gihe icemezo atari ciza ntuhabwe ubuhungiro, ukaba wemeza ko hari ikosa ryakozwe, ushobora kubimenyesha bagasubiramwo kwiga icemezo cafashwe. Umuhanuzi wawe mu bijanye n’amategeko aragufasha kandi mu kwandikira ibiro kibijejwe. Mwico gihe urindiriye ikindi cemezo, bifatwa ko ukiri mu nzira yo gusaba ubuhungiro, uba ugifise bwa burenganzira wari usanganywe , kandi ushobora kuguma muri Serubiya mu mutekano.

Nimba ata muhanuzi mu bijanye n’ amategeko warufise mu gihe udahawe ubuhungiro, duhamagare mu maguru masha. Uburenganzira bwo kumenyesha ko utashimye icemezo cafashwe ni iminsi 15 uhereye k’umunsi uhawe icemezo.

Mwibuke ko ikigo IDEAS gikorana na HCR, ubufasha bwose muronswa ari ku buntu!

Mushobora kurondera IDEAS kuri:

Telefone: +381 69 565 72 54

Facebook: @IDEASLegalAid

Email:legalaid@ideje.rs

 

Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ubuzima, uburinzi n’ubufasha buboneka, raba urubuga rwa  UNHCR Serbia.

Share